
Ku munsi wa kabiri, Isanamu Media yazindutse ishira ahabona amasanamu magufi y’ikiganiro kirekire yakoze n’abarundi bashoboye gushika mububirigi baciye muri Serbie. Imvo yatumye Isanamu Media ikora ico kiganiro ikaba yashaka gutanga inkuru nkuko mbere ariko kazi k'ibimenyashamakuru kuvyerekeye uko urwo rugendo rumeze.
Nkuko vyavuzwe cane muminsi iheze ko hari abitaba Imana murizo nzira, Isanamu Media yashatse ko abantu bahisemwo kugenda bamenya uko inzira zimeze kugira bahitemwo bazi neza kugenda bazi ukuri. Twihweje uko abantu bagiye barandika muma commentaires kumbuga ngurukana bumenyi bwayo, benshi bakaba bagize amadidane menshi, bibaza ko iyonkuru igiye guhindura amasezerano asanzwe ahari hagati y’Igihugu c’Uburundi na Serbie canke ingingo zofashwe mubihugu vya Buraya aho abenshi baba bagiye.
Amasanamu yashizwe ahabona siyo yereka igihugu ko hari abantu bafata indege baja hanze.
Iyo umuntu afashe indege, hari urutonde (Liste des passagers) abantu baba basanzwe banditsemwo. Igihugu umuntu aba avuyemwo kiramenya uruja n’uruza rw’abantu baciye kukibuga c'indege cabo. Igihe utanze igitabo c’inzira, bararaba ko ufise agatike kawe bakaguha mureke yinjire mundege (boarding pass) hama abajejwe umutekano bagashira na cachet mugitabo cawe c’inzira yerekana ko usohotse igihugu (Sorti canje Exit). Kuvuga ko rero ayomasanamu aje gutuma inzira zugagwa kubera yerekanye ko bagenda, ivyo sivyo
Ayo masanamu ntaje gutera ubwoba canke guca intege abipfuza kugenda…
Usomye ivyo abantu benshi bashikirije muma commentaires, bavuga bati “murahumba, ntakidutera ubwoba natwe iyo nzira tuzoyicamwo ko mwebwe mwashitse”.
Mubantu Isanamu Media yavuganye nabo I Buruseri, baravuga ko uko bari biteze urugendo ruzomera siko barusanze. Ntamuntu yabasiguriye neza ko vyoshika bagahura ningorane zitandukanye kuko iba itari inzira izwi n’amategeko. Kuva m’Uburundi uja Serbia ufata indege, ariko kuva Serbia ujabuka Bosnie hama Croitie hama Slovenie ntawinjirana umupaka ngo abajejwe umutekano bamenye ko yinjiye, baca mucanzo kandi akenshi abantu bagenda n’amaguru baca mw’ishamba. Ntamuntu yari yababwiye ivyerekeye ama “game” ko hari izigufata iminsi myinshi utambuka n’amaguru uca mwishamba rizitanye ukamara nk’iminsi irenga itanu utarashika iyo ugiye (Bosnie – Slovenie). Ntibigeze bamenya ko abo babajabukana (aba passeurs) barinze bananirwa kubashikana (babakubise GO BACK) batabasubiza amafaranga baba babahaye ahubwo bababwira bati uraza dusubire tugerageze kandi, umaze gusubizwa inyuma incuro nyinshi ugatinda ukayaheba ukarondera uwundi wumvise ajabukana abantu akabashikana neza. Ntamuntu baronse ababwira ko ari vyiza gushira mumasakoshi yabo amazi menshi nivyo barya munzira mukibanza c’izo mpuzu bakura m’Uburundi kandi ko amazi abaheranye banywa muruzi rwose bahuye narwo. Ntibigeze bababwira ko hari igihe bajabuka inzuzi zifise uburebure bubasumba, ugiye nabi wonyerera ukahasiga ubuzima. Kandi ntibabwiye ko basavye ubuhungiro mububirigi, abagabo bataronka uburaro (centres) bakamara amezi barara mwibarabara imbeho n’imvura ikabakubitiraho mugihe badafise imiryango incuti n'abagenzi babaha indaro.
Nivyo hari igihe ugize imana ujabuka rimwe, ukinjira uhuye n’abajejwe umutekano bameze neza bahamagaye uwubakurira akavuga ngo abo bareke. Ariko nticobuza ko abantu baronka inkuru ko rimwe rimwe bahura nizo ngorane. Kumbure iyo nkuru yobatuma bahitamwo inzira itosinzikaza amagara yabo canke ubuzima bwabo.
Ayo masanamu siyo atuma ububirigi bumenya igitigiri c'abarundi binjiye, hama babime impapuro, bugare inzira…
Abantu benshi ntibibaza ko ibihugu baba basavyemwo ubuhungiro bifise intonde zanditse zisohoka burikwezi zerekana abantu binjiye n’ibihugu bavamwo. Muravye ngaha, murabona neza ko reta y’ububirigi yama yerekana urutonde (classement) rw'abantu burikwezi binjira. Ukwezi kwa munani 2022 hakaba hari abarundi bangana 373 basavye ubuhungiro m’Ububirigi (raba amasanamu munsi) bigatuma Uburundi buba ubwagatatu bukurikira Syrie na Afghanistan. Twihweje neza turabona ko Uburundi bwatanguye kuja mubihugu 10 vyambere abantu baho basaba ubuhungiro mukwezi kwa Ruheshi kuko muri Rusama rutari muri 10 vyambere

Igenekerezo rya 10 ukwezi kwa munani ikinyamakuru Afrique La Libre kikaba caranditse inkuru ivuga urundonde rw’Abarundi basaba ubuhingiro uko rungana rungana ninzira bacamwo.
Ayo masanamu atesha iceyi agatukisha igihugu...

Abantu benshi bafata izo nzira biyumvira ko igikuru ari ugushika gusa. Ntibababwira ko kuba hanze bisaba impapuro ziguha ubwo burenganzira bwokuhaba kandi ko uzananye iyo nzira utegerezwa gusaba ubuhungiro. Benshi barashika bakibaza bati none muri interview nzovuga ibiki. Kugira uronke ubuhungiro (guhunga) utegerezwa kuvuga ikigukuye mugihugu cawe camavuka gituma utohasubira kuko ubuzima bwawe bwosinzikazwa kandi ko igihugu cawe kitokurinda. Ntanumwe ababwira intonde z’ibintu barabirako kugira uronke ubwo buhungiro.
Amasanamu yashizwe kumugaragaro ntatukisha igihugu kuko atavuga ivyerekeye guhunga canke yerekane igitigiri nkico mwabonye hejuru, ahubwo ivuga kukuntu urwo rugendo rumeze.
Inzira ya Serbie si inzira icamwo abarundi gusa. Ni Inzira yamyeho kuva kera cane icamwo abantu bava mubihugu vyinshi bitandukanye. Ntagihugu nakimwe ca Buraya kitayizi kanatsinda ibinyamakuru vyinshi bikaba vyarakoze inkuru nyinshi kurizo nzira. Fyonda hano hepfo kuri ayo ma liens.
https://www.youtube.com/watch?v=QP90hY6kg4w
Comments